Uhoraho nama ntangazwa cane
Izindi · n° 113
Paroles
Couplet 1
Uhoraho nama ntangazwa cane,
N’ivyaremwe n’Ibiganza vyawe,
inyenyeri n’uguhindakw’ inkuba,
Vyerekana Ububasha bwawe.
Refrain
{Mwami Mana ndakuririmbira:
Uri Nkuru, Uri Nkuru!} x2
Couplet 2
Iyongenda mw’ishamba ry’ikibira, numv’ inyoni uko ziririmba.
Ndi ku mpinga ndende ndaba mu mwonga, mbon’ imigezi numv’ akayaga.
Refrain
{Mwami Mana ndakuririmbira:
Uri Nkuru, Uri Nkuru!} x2
Couplet 3
Iyo nibutse ko Mana Watanze,
Umwana Wawe ku Musaraba;
Imitwaro yanj’ Akayikorera,
Yampfiriye ngomb’ umwana wawe.
Refrain
{Mwami Mana ndakuririmbira:
Uri Nkuru, Uri Nkuru!} x2
Couplet 4
Kristo Azozanana n’Impundu ziwe,
Azonjana mu rugo kwa Data.
Nzopfukama mpimbaz’ Imana yanje,
Mvuz’ impundu nti:
Mana Uri Nkuru!
Refrain
{Mwami Mana ndakuririmbira:
Uri Nkuru, Uri Nkuru!} x2