Umuntu wanje wimbere
Umuco · n° 143
Paroles
143 - UMUNTU WANJE W’IMBERE
Couplet 1
Umuntu wanje w’imbere, afise inyandiko hose, handitseko amasezerano, amwe mw’ izosi ayandi k’umutwe, ayandi ku birenge ayandi ku gikiriza.
Izo nyandiko s’iz’ iwino, izo nyandiko nizanditse, kubisate vy’umutima, zandikishijwe Mpwemu, Satani ntiyegera kuko atari iz’inyuguti, zandikishijwe amaraso y’Umwagazi.
Couplet 2
Iyo ku mutwe n’iy’agakiza, iyo mw’izosi n’amasezerano, y’Umukwe nay’ Umugeni, Satani ntahaca hose haranditswe, rwiwe zarakuweho hari iz’Imana Yera.
Izo nyandiko s’iz’ iwino, izo nyandiko nizanditse, kubisate vy’umutima, zandikishijwe Mpwemu, Satani ntiyegera kuko atari iz’inyuguti, zandikishijwe amaraso y’Umwagazi.
Couplet 3
Mu gikiriza niy’ ukugororoka ku birenge n’Ubutumwa Bwiza, n’ivyagezwe vy’Uhoraho, vyashizwe k’umutima ni vyo nibaz’ ijoro, mvyibaza k’umurango n’ivyagezwe vy’Uhoraho.
Izo nyandiko s’iz’ iwino, izo nyandiko nizanditse, kubisate vy’umutima, zandikishijwe Mpwemu, Satani ntiyegera kuko atari iz’inyuguti, zandikishijwe amaraso y’Umwagazi.
Couplet 4
Kera hariho inyandiko, z’amategeko ya Mose, ubu niz’ Ubuntu gusa, zandikishije Amaraso y’Umwami ziriko n’ikimenyetso, nico ca Mpwemu Yera.
Izo nyandiko s’iz’ iwino, izo nyandiko nizanditse, kubisate vy’umutima, zandikishijwe Mpwemu, Satani ntiyegera kuko atari iz’inyuguti, zandikishijwe amaraso y’Umwagazi.
Couplet 5
Umuntu wanje w’imbere, arushaho kwambikwa, n’icete ca Kristo Yesu, co bose basoma canditswe na Mpwemu, canditswe mu rurimi rw’I Siyoni mw’ijuru.