Nind yompa kuva muri iyisi
Umuco · n° 153
Paroles
153 - NI NDE YOMPA KUVA MUR’IY’ISI
Couplet 1
Ninde yompa kuva mur’ iy’isi, isi yuzuye umubabaro; ni nde yompa kuva mur’ uyu mubiri ./.Nkigir’ iy’ Iwacu./.
Iyo mbona ivy’iy’isi n’ububi bw’iki gihe kibi mbona n’ingorane nyinshi, ziterwa n’uyu mubiri, nca nibuka iy’Iwacu ./.Mw’Ijuru ku Mana./.
Couplet 2
Ni nde yompa kuva mur’ uyu muniho, meze nk’umugore afise ibise, ndemerewe n’umutwaro munini ./.Nkumbuy’ iy’ Iwacu./.
Iyo mbona ivy’ iy’ isi n’ububi bw’iki gihe kibi mbona n’ingorane nyinshi, ziterwa n’uyu mubiri, nca nibuka iy’Iwacu ./.Mw’Ijuru ku Mana./.
Couplet 3
Ni nde yonkiza abansi banje, bambwira inkuru mbi z’iy’ Iwacu, bakikij’ amatwi yanje hose ./.Nifuza Umwami./.
Iyo mbona ivy’ iy’ isi n’ububi bw’iki gihe kibi mbona n’ingorane nyinshi, ziterwa n’uyu mubiri, nca nibuka iy’Iwacu ./.Mw’Ijuru ku Mana./.
Couplet 4
Ni nde yompa kuva mur’ uyu mwiza, nkava no mur’ urugendo rubi, nkigurukir’ iy’ Iwacu Kwa Data ./.Muri Yerusalemu./.
Iyo mbona ivy’ iy’ isi n’ububi bw’iki gihe kibi mbona n’ingorane nyinshi, ziterwa n’uyu mubiri, nca nibuka iy’Iwacu ./.Mw’Ijuru ku Mana./.
Couplet 5
Mbese umunsi w’akanyamuneza, mbony’ Umucunguzi wanje mu bicu, aje kunkura mur’ uyu muniho ./.N’umunezero mwinshi./.
Iyo mbona ivy’ iy’ isi n’ububi bw’iki gihe kibi mbona n’ingorane nyinshi, ziterwa n’uyu mubiri, nca nibuka iy’Iwacu ./.Mw’Ijuru ku Mana./.