Tous les cantiques

Kwiherezo ryumuhamagaro

Umuco · n° 152

Paroles

152 - KW’IHEREZO RY’UMUHAMAGARO

Couplet 1

Kw’iherezo ry’umuhamagaro, mbega ncuti uzoshikayo? Iy’ imbere har’ intamabara, imisozi ni myinshi cane./.None niwitegure hakiri kare./.

Fungura, fungura, fungura; uzigam’ Ijambo muri wewe; Urugendo ruracari rurerure ./.Ubishire kumutima./.

Couplet 2

Urugendo ni rurerure, mbega ncuti uzoshikayo? Ambar’ ubuzima hakiri kare, uz’urwan’ intambara nziza ./.None niwitegure hakiri kare./.

Fungura, fungura, fungura; uzigam’ Ijambo muri wewe; Urugendo ruracari rurerure ./.Ubishire kumutima./.

Couplet 3

Ongereza ubutwari, sumvy’ uko watanguy’ Urugendo; iherezo riragorana, ntubiririmbe k’umunwa./. None niwitegure hakiri kare./.

Fungura, fungura, fungura; uzigam’ Ijambo muri wewe; Urugendo ruracari rurerure ./.Ubishire kumutima./.

Couplet 4

Ntupfush’umwanya waw’ ubusa, mu bikorwa vy’ imburakimazi; tama tama tamira mu Mwami? Ivyo ukora uzobihemberwa ./.None niwitegure hakiri kare./.

Fungura, fungura, fungura; uzigam’ Ijambo muri wewe; Urugendo ruracari rurerure ./.Ubishire kumutima./.

Couplet 5

Ivyo urya ubirye uhagaze ivy’ unywa ubinyw’ uhagaze, ivy’ ukora ubikor’ uhagaze ntub’ umwana ntub’ umusaza ./.Ubashe kuguman’ ubutwari bwawe./.