Umv'ijwi ryusemerera
Umuco · n° 215
Paroles
215 - UMV’IJWI RY’USEMERERA
Couplet 1
Umv’ijwi ry’Usemerera riti: “Nimutegur’inzira y’Umwami, Cur’intama ziwe zazimiye”, Dukoran’umwete hakibona
Umwam’Atugir’ inama yuko, Izishonje tuzozah’irira, Kand’izigwaye tuzozandaza, Inyantege nke nazo tuziterure,
Dukore twese tuzoruhuka, Umwami ni Yaza. Répéter 2 fois
Couplet 2
Ijwi ryiwe ryumvikana hose, Rit’egerany’intama burije, Zishorere zishike mu rugo, Kora nk’umwizigirwa w’Umwami.
Umwam’Atugir’ inama yuko, Izishonje tuzozah’irira, Kand’izigwaye tuzozandaza, Inyantege nke nazo tuziterure,
Dukore twese tuzoruhuka, Umwami ni Yaza. Répéter 2 fois
Couplet 3
Mwam’urugendo ruraruhije, Duh’umwete twandaz’abarushe, Kand’ibikorwa biraruhije, Duh’umwete n’ishaka dukore.
Umwam’Atugir’ inama yuko, Izishonje tuzozah’irira, Kand’izigwaye tuzozandaza, Inyantege nke nazo tuziterure,
Dukore twese tuzoruhuka, Umwami ni Yaza. Répéter 2 fois
Couplet 4
Eh’abakomeretswa n’amahwa, Hari n’abahumishwa n’umwansi, Mwami humur’amas’abahumye, Babon’ivy’ukorera mw’Ishengero.