Tous les cantiques

Ibanga ry'umukwe n'umugeni

Umuco · n° 187

Paroles

Couplet 1

Ibanga ry’Umukwe n’Umugeni, n’ibanga rikomeye cane, ririmw’ Amasezerano menshi, y’Umukwe n’Umugeni.

N’ub’Umwami afitaniye Ibanga n’Ishengero Ryiwe n’Ibanga ry’Umukwe n’Umugeni.

Couplet 2

Yesu Yakunze Umugeni, Ava mw’Ijuru aza mw’isi, Amugura Amaraso yiwe, n’Ibanga rikomeye cane.

N’ub’Umwami afitaniye Ibanga n’Ishengero Ryiwe n’Ibanga ry’Umukwe n’Umugeni.

Couplet 3

Umukwe amaze gukw’Umugeni, agaragaj’ Urukundo rwiwe, baca bahan’ Amasezerano, y’Umukwe n’Umugeni.

N’ub’Umwami afitaniye Ibanga n’Ishengero Ryiwe n’Ibanga ry’Umukwe n’Umugeni.

Couplet 4

Yesu amaze gukw’ Umugeni Yamusigiy’ Amasezerano, yukw’ Azogaruka kumujana, kandi ngo yirinde abansi.

N’ub’Umwami afitaniye Ibanga n’Ishengero Ryiwe n’Ibanga ry’Umukwe n’Umugeni.

Couplet 5

E’Mugeni niwitegure iryavuzwe riratashe ibimenyetso vyarashitse ehe Umukwe ng’uyo Araje.