Tous les cantiques

Nzokwama nishimira

Umuco · n° 178

Paroles

Couplet 1

Nzokwama nishimira cane rwose, Kurongorwa na Mpwemu w’Imana, Nzokwama nishimira kugumbirana na We,

Nkagendera musi y’ubushobozi bwiwe. Répéter 2 fois

Uwo Mpwemu atanga umunezero, Uwo Mpwemu atanga amahoro, Ni W’aduha gukorer’Imana, Ni W’aduha kwitandukanya n’ivyanduye, Kuk’ubushobozi bwiwe bunesh’umubiri.

Couplet 2

Nzishimira kuba muri W’iteka, Kuko kuba musi y’ubushobozi bwiwe, Vyic’ubushobozi bw’akameremere,

Nkinjira mu vy’Ubwami bw’Imana. Répéter 2 fois

Uwo Mpwemu atanga umunezero, Uwo Mpwemu atanga amahoro, Ni W’aduha gukorer’Imana, Ni W’aduha kwitandukanya n’ivyanduye, Kuk’ubushobozi bwiwe bunesh’umubiri.

Couplet 3

Nzishimira guca bugufi rwose, Kugira ng’ubwo bushobozi bumbe hejuru, Kuko bunyinjiza mu gihugu c’ubwiza,

Nkinjira mu vy’Ubwami bw’Imana. Répéter 2 fois

Uwo Mpwemu atanga umunezero, Uwo Mpwemu atanga amahoro, Ni W’aduha gukorer’Imana, Ni W’aduha kwitandukanya n’ivyanduye, Kuk’ubushobozi bwiwe bunesh’umubiri.

Couplet 4

Ubwo bushobozi n’umuriro waka, Na Mpwemu n’umuriro waka, Kuko aho yaritse ntihayoberana,

Yisangij’imvugo n’imigendere. Répéter 2 fois

Uwo Mpwemu atanga umunezero, Uwo Mpwemu atanga amahoro, Ni W’aduha gukorer’Imana, Ni W’aduha kwitandukanya n’ivyanduye, Kuk’ubushobozi bwiwe bunesh’umubiri.

Couplet 5

Ku bw’uwo Mpwemu indirimbo ziraza, Ku bw’uwo Mpwemu ubutumwa buravugwa, Ku bw’uwo Mpwemu humvikan’indimi nsha,

Nico gituma nzishimira kubana na W’iteka. Répéter 2 fois