Tous les cantiques

Humura utege ugutwi

Umuco · n° 123

Paroles

123 - HUMUR’UTEG’UGUTWI

Couplet 1

Humura uteg’ ugutwi, kandi wumve ncuti yanje, Ubutumire bwa Bwenge; hunga kandi wiruke ncuti, ubutumire bwa gipfu, wisunge Bwenge ncuti.

Bwenge aratumira, kandi yam’ ahamagara, uwumva na we ni yumve, kandi ateg’ ugutwi, Ukwigisha kwiwe uwunva ni yunvire, Ukwigisha kwa Bwenge.

Couplet 2

Humura uteg’ ugutwi, utandukanye neza ijwi, rya Gipfu n’irya Bwenge; kuko Gipfu arahamagara, na Bwenge arahamagara, wumve kandi umenye.

Bwenge aratumira, kandi yam’ ahamagara, uwumva na we ni yumve, kandi ateg’ ugutwi, Ukwigisha kwiwe uwunva ni yunvire, Ukwigisha kwa Bwenge.

Couplet 3

Humura uteg’ ugutwi, Ukwigisha kwa Bwenge, kuko Gipfu nawe arigisha; Bwenge aratumira, na Gipfu aratumira, umve kandi umenye.

Bwenge aratumira, kandi yam’ ahamagara, uwumva na we ni yumve, kandi ateg’ ugutwi, Ukwigisha kwiwe uwunva ni yunvire, Ukwigisha kwa Bwenge.

Couplet 4

Humura uteg’ ugutwi, igihuhuta ni cinshi, Gipfu nawe arasemerera; kwumva Bwenge avug’ ubwiwe, n’ Ubuntu bw’Uhoraho Imana, wisunge Bwenge ncuti.

Bwenge aratumira, kandi yam’ ahamagara, uwumva na we ni yumve, kandi ateg’ ugutwi, Ukwigisha kwiwe uwunva ni yunvire, Ukwigisha kwa Bwenge.

Couplet 5

Bwenge atumir’ uw’ ubwenge akunguka ubwenge bwinshi kandi akamenya ukuri yatumira igipfu na co kikarushaho kub’ igipfu tandukanya Bwenge na Gipfu.