Hari igihugu ciza twasezeraniwe
Umuco · n° 239
Paroles
Couplet 1
Har’Igihugu ciza twasezeraniwe, iyo ndakibonye kiranezera; mbega weho ncuti uragisasirira? Abera bapfuye bakiciteze.
Benshi bazoririmba Ishimwe ryiza, bicaranye n’Umwami w’Abami, bazov’ iburasirazuba abandi bave iburengerazuba, hazob’ Umunezero mwinshi cane, ku bogejwe n’amaraso.
Couplet 2
Ndatangajwe n’Ubuntu nagiriwe, kuzotah’ Ubukwe bw’ Umwagazi; Abera bazambar’ ibitako, nta ndobeke izobicaramwo.
Bazogendagenda imisozi myiza, bagendanirwa n’abamarayika, tuzumv’ inkuru nziza z’abahizi, bamwe baduciriye inzira Ubwiza bw’Umukiza wacu Yesu, buzotwibagiza imibabaro.
Couplet 3
Tuzumv’inkuru nziza za Daniyeli, Shaduraki hamwe na Meshaki, ingene bashinze intahe mu muriro, mbega mwene Data uzoba uhari.
Mbega Umunezero mwinshi cane, gusangira hamwe vino nziza, tuzumv’ intahe za Paulo, ingene yarwaniy’ Ukwizera (kwiwe) hazoba har’ Impundu n’Amahoro, iyo tuzoba iminsi yose.