Tous les cantiques

Mur'iyi si har'ico mpahamiye

Umuco · n° 165

Paroles

Couplet 1

Mur’iyi si har’ico mpahamiye, Kindutira ilbindi vyose, Mur’iyi si har’ico nipfuza rwose, N’ukugira umugabane wanje,

N’ugukorera Imana yanje, (Umwami wanje). Répéter 2 fois

.

N’ikihe kiruta vyose ku Mukristo nyakuri, - N’ukubaho nk’uko Kristo yabayeho, - N’ukuvuga nk’uko Kristo Yavuze, - N’ugukora nk’uko Kristo Yakoze.

Couplet 2

Hari imigaban’ibir’imbere yanje, Ntabonye uwambere sinshobora, Gushikira n’uwugira kabiri,

N’ugukorer’Imana nkiriho, N’ugukor’ic’Iman imbwiye gukora. Répéter 2 fois

.

N’ikihe kiruta vyose ku Mukristo nyakuri, - N’ukubaho nk’uko Kristo yabayeho, - N’ukuvuga nk’uko Kristo Yavuze, - N’ugukora nk’uko Kristo Yakoze.

Couplet 3

Uwambere n’ugukor’ico ntegerezwa, Uwakabiri n’igitsibb mbikiwe, None nobishikira nte Mana yanje, Ntashobojwe nawe Bwirukiro?

Abazima nibo bagukorera. Répéter 2 fois

.

N’ikihe kiruta vyose ku Mukristo nyakuri, - N’ukubaho nk’uko Kristo yabayeho, - N’ukuvuga nk’uko Kristo Yavuze, - N’ugukora nk’uko Kristo Yakoze.

Couplet 4

Ntegerezwa kugukorera mur’iyi si, Ntegerezwa kub’icabona cawe, Ntegerezwa kugushingira intahe, Mu mvura, mu makuba no mu bimoko,

Abazima nibo bagukorera. Répéter 2 fois

.

N’ikihe kiruta vyose ku Mukristo nyakuri, - N’ukubaho nk’uko Kristo yabayeho, - N’ukuvuga nk’uko Kristo Yavuze, - N’ugukora nk’uko Kristo Yakoze.

Couplet 5

Ndagukunda n’umutima wanje wose, Ndakunda n’igikorwa cawe, Nta wundi mfise noganyir’atari Wewe, Shir’umuryango wuguruye imbere yanje,

Maz’unshoboze mbone kugukorera. Répéter 2 fois