Amahoro atangwa na Yesu wacu
Ikirundi · n° 171
Paroles
Ikirundi 171 - Amahor’Atangwa na Yesu wacu ntagir’ akagero
Couplet 1
Amahor’Atangwa na Yesu wacu ntagir’ akagero, ntah’ azoshira, yam’ ahumuriza abayafise, n’utayata, ntaho woyakurwako.
Wizigir’ Imana, uyizigira ntabur’ Amahoro mez’adashira.
Couplet 2
Abo Yes’Azigamish’ amaboko nta Mwans’ ashobora kubashikako: Kandi nta maganya yohagarika imitim’ izigamwa n’Umukiza.
Wizigir’ Imana, uyizigira ntabur’ Amahoro mez’adashira.
Couplet 3
Ibitunezera n’ivyago vyose biva mu Rukundo rw’Umwam’ Imana, Ntugakekeranye, uyizigire ntiyohemukira uyizer’artyo.
Wizigir’ Imana, uyizigira ntabur’ Amahoro mez’adashira.