Ku murwa wera Siyoni
Impimbano · n° 84 Fr Léonidas
Paroles
Couplet 1
Ku Murwa wera Siyoni, nta marir’ agerayo. Hazobay’ umunezero gusa, w’Abakijijwe bo mw’isi.
Nta rupfu rugerayo, nta marir’ agerayo. Abera bararirimba; Haleluya Amina. Répéter 2 fois
(Haleluya) x3 Amina. Répéter 2 fois
Couplet 2
Aburahamu yarawubonye, azinukw’ ivy’isi. Naho Sodomu car’ikiyaya ciza, Aburahamu ntiyagikunze.
Yagumanye n’Ijambo ryavuganye nawe, kandi ntiryamutaye kuko ridahemuka. Répéter 2 fois
(Haleluya) x3 Amina. Répéter 2 fois
Couplet 3
Mwene Data wumv’ unaniwe, ihangane turi hafi, gushik’aho tuzoturw’ imitwaro duhanagurw’ amarira.
Nah’ingoran’ari nyinshi, ihangane zizoshira. Abahizi barihanganye, ntur’uwa mber’uziciyemwo. Répéter 2 fois
(Haleluya) x3 Amina. Répéter 2 fois