Ishimire wishimire
Umuco · n° 137
Paroles
Couplet 1
Ishimire, wishimire ukugomba kw’Uhoraho, ishimire, wishimire, ivy’Imana Igucishamwo, uzamana amahoro.
Ivyo bizoyinezereza, bitume Ikwiyegereza, bitume Ikwihishurira, bitume Igendana nawe, uzuzura uguhishurirwa, uzuzur’ ubushobozi, uzogira itunga, Izogendana nawe.
Couplet 2
Ishimire wishimire, guca aho Imana Igucishije, ishimire wishimire, kuyikurikira hose uzamana amahoro.
Ivyo bizoyinezereza, bitume Ikwiyegereza, bitume Ikwihishurira, bitume Igendana nawe, uzuzura uguhishurirwa, uzuzur’ ubushobozi, uzogira itunga, Izogendana nawe.
Couplet 3
Ishimire wishimire, kurongorwa n’Uhoraho, ishimire wishimire, Ubuntu bwayo bwinshi uzamana amahoro.
Ivyo bizoyinezereza, bitume Ikwiyegereza, bitume Ikwihishurira, bitume Igendana nawe, uzuzura uguhishurirwa, uzuzur’ ubushobozi, uzogira itunga, Izogendana nawe.
Couplet 4
Inzira z’Imana Yera, ziragoye gutahura, ukugomba kw’Uhoraho tugutahura inyuma tukuzura umunezero.
Ivyo bizoyinezereza, bitume Ikwiyegereza, bitume Ikwihishurira, bitume Igendana nawe, uzuzura uguhishurirwa, uzuzur’ ubushobozi, uzogira itunga, Izogendana nawe.
Couplet 5
Emer’uce ah’ Agucisha, ntac’ Imana kiba kibi, Inzira zayo ni nyinshi, zirengey’ ubwenge bwacu, emera uce ah’ Agucisha.